Ohio mu ruhigi rw' 'imwicanyi' yiranze kuri Facebook

Ukekwa ko yarashe, Steve Stephens Uwufise ububasha kw’isanamu Cleverland police
Image caption Polisi yasohoye ifoto y'uregwa

Igipolisi co mu gasgara ca Cleveland gisaba Steve Stephens, akekwa ko yishe agaca avyivugira we neyene abicishije ku rubuga rwa Facebook kwishikana.

Bavuga ko ateye impungenge ariko rero ngo nta vyemezo bafise ko yoba yari amaze kwica abantu 13 nk'uko we nyene avyivugira.

Umuvugizi w'ikigo ca Facebook avuga ko ivyo ari ibintu bibi cane kandi ko amategeko bagenderako ari kubwira igipolisi igihe babonye ikintu kibangamiye umuzima bw'umuntu.

Uyuyobozi w'umuji wa Cleverland, Frank Jacksonm avuga ko yifuza kumenyesha bwana Stephens ko azotinda agafatwa.