Yumiye ku mufuko w'ibigori agiye gusoma nturi

Mu bari mu bwato bwibiye, 5 barapfuye, 10 nabo ntibaraboneka Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mu bari mu bwato bwibiye, 5 barapfuye, 10 nabo ntibaraboneka

Graciam Kondowe yari mu bantu bagera ku 50 igipolisi kivuga ko abarokotse inyuma y'aho ubwato barimwo bwubamitswe n'igihuhusi ku munsi w'Inama mu kiyaga Malawi.

Igipolisi kimenyesha ko abantu batanu basomye nturi abandi 10 bataramenyekana irengero ryabo.

Ubwo bwato bwari bwuzuye abantu bavuye mu misa ya Pasika mu karere ka Rumphi mu buraiuko bwa Malawi.

Mu bisanzwe bwari burekuriwe gutwara abantu batarenga 40.