Uburusiya bwafashe uwafashije gutegura igitero ca St Petersburg

Umudereva wa Gari ya Moshi yarashimwe ko yayishikanye ku gituro yamaze kutegwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umudereva wa Gari ya Moshi yarashimwe ko yayishikanye ku gituro yamaze kutegwa

Urwego rw'Uburusiya rujejwe umutekano , rumenyesha ko rwataye muri yompi uwukekwa ko yatunganije igitero c'umwiyahuzi cagabwe ku gituro c'inzira y'indarayi c'i Saint Petersburg.

FSB imenyesha ko uwafashwe yitwa Abror Asinov w'imyaka 27.

Kimwe n'abandi bagera ku 8 bamaze gutabwa muri yompi, aturuka muri Asia yo hagati.

Ico kigo kimenyesha ko ariwe yigishije umwiyahuzi Akbar-zhona Jalilov, yateze igisasu cahitanye abantu 14 kigakormnetsa abarenga 100.