N Korea: 'tuzogerageza ibisasu uko indwi itashe'

Koreya ya ruguru yakoze defire ikomeye ku munsi wa gatandatu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Koreya ya ruguru yakoze defire ikomeye ku munsi wa gatandatu

Icegera c'umushikiranganji wa Koreya ya ruguru ajejwe imigenderanire, Han Song-Ryol, yabariye BBC ko Koreya ya ruguru igiye noneho kuzohora igerageza ibisasu 'uko indwi itashe'.

Yavuze ko gutana mu mitwe kwoba, ari uko Leta zunze Ubumwe za Amerika zifashe ingingo za gisirikare.

Hagat'aho icegera ca perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pence, yagabisheje Koreya ya ruguru ngo ntihirahire ngo igerageze Amerika.

Yavuze ko kuri Amerika, 'igihe co kwihanganira Koreya ya ruguru carangiye'.

Bwana Pence yageze i Seoul muri Koreya y'epfo ku munsi w'Imana, amasaha makeya gusa inyuma y'aho Koreya ya ruguru igeregereje igisasu ku nkengera zo mu buseruko, kikayinanira.

Mu kiganiro yatanze ari kumwe n'umukuru w'igihugu nfatakibanza wa Koreya y'epfo Hwang Kyo-ahn, Mike Pence yavuze ko Koreya ya ruguru itari ikwiye kugerageza perezida Donald Trump.

Yongeye kwizeza Koreya y'epfo yamwakiriye, ko 'Leta zunze Ubumwe za Amerika ziri kumwe nabo ijana k'ijana'.

Nayo uhagarariye Koreya ya ruguru mu buryo buhoraho, Ambasaderi Kim In-ryong, yateye ivyatsi inyifato ya leta zunze Ubumwe za Amerika.

Yayineguye ku bisasu yateye muri Syria, kubera ibitero vyakoreshejwemwo imyuka y'ubumara.

Yavuze ko Leta zunze Ubumwe za Amerika 'zidurumbanya umutekano kw'isi yose', kandi 'zishaka ikoreshwa ry'igitugu'.