Mukungubila yahawe ubuhungiro muri Afrika y'epfo

Mukungubila yagiye amaze gutera ibibanza vya Leta Uwufise ububasha kw’isanamu None
Image caption Ikigo ca tereviziyo ni kimwe mu bibanza vyatewe n'abayoboke ba Mukungubila

Amakuru aturuka muri Afrika y'epfo amenyesha ko umupasitori aturuka muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo yigeze no gushaka kwitoza nk'umukuru w'igihugu yahawe ubuhunzi.

Republika iharanira Demokarasi ya Congo yari yakomeje gusaba ko Joseph Mukungubila arungikwa iwabo muri Congo.

Igihugu ciwe camurega ko yashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2013, igihe abayoboke biwe batera ibibanza bimwe bimwe birimwo ikigo ca tereviziyo y'igihugu.

Mukungubila yaciye ahungira muri Afrika y'epfo, ariko atabwa muri yompi kubera umutahe mpuzamakungu yari yarungikiwe.

Umuvugizi wiwe yavuze ko ubu ashobora kurekugwa, akabona gutangura isekeza azokorera hanze ya Congo, ryo gusaba ko Perezida Joseph KABILA akugwa ku butegetsi.

Abategetsi ba Afrika y'epfo kugez'ubu ntaco barabivugako.