Trump yakeje Prezida wa Turukiya Recep Erdogan

Umukuru w'igihugu wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ashobora kuguma ku butegetsi giushika mu 2029 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukuru w'igihugu wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ashobora kuguma ku butegetsi giushika mu 2029

Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yakeje umukuru w'igihugu wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ku ntsinzi mu matora kamarampaka agiye gutuma ububasha bwiwe bwiyongera.

Akamo ka telefone ka Prezida wa Amerika gateye kubiri n'amakenga y'abakuru b'ibihugu vya Buraya, bavuga ko kubona ibice 51.4% aribo bonyene bemeje amahinduka, ko bigiye gutuma abanyagihugu ba Turukiya bicamwo imigwi.

Bwana Erdogan yiyamirije abarorerezi mpuzamakungu bavuga ko yatsinze kubera ko imyiyamamazo y'imigwi yari ihanganye itakozwe ku rugero rumwe.

"Menya ikibanza canyu," niko yababwiye.

Amahinduka -azomenyeshwa imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu n'ay'abashingamateka mu kwezi kwa 11, 2019 - azotuma igihugu ca Turukiya kigendera ku matwara ya "république présidentielle" nka kurya kwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no mu Bufaransa.

Ashobora gutuma Prezida Erdogan aguma ku butegetsi gushika mu 2029.

Intsinzi yiwe y'amajwi ari ku rushi, yemejwe n'umurwi w'igihugu ca Turukiya utunganya amatora naho imirwi itavuga rumwe n'ubutegetsi yavuga ko hari vyinshi bitagenze neza.