Le Pen avuga ko atipfuza abimukira mu Bufaransa

Marine Le Pen (hagati) yipfuza ko hoba amatora kamarampaka yo kwemeza ko Ubufaransa bwoguma muri EU Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Marine Le Pen (hagati) yipfuza ko hoba amatora kamarampaka yo kwemeza ko Ubufaransa bwoguma muri EU

Umwe mu bakandida bakomeye mu matora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa, Marine Le Pen, yavuze ko atokwemera abimukira mu gihugu c'Ubufaransa igihe yoba atowe.

Umukuru w'umugambwe Front National yavuze ariko ariyamamaza, ko yipfuza guhagarika urwo ruza rw'abantu rudafise ikirugenzura.

Mu matora yo gupima aho abanyagihugu bahagaze (sondage d'opinion), umupfasoni Marine abangikanijwe na Emmanuel Macron kuri ayo matora azotangura ku munsi wa Mungu.

Ayo matora yerekana ko Bwana Macron n'umupfasoni Le Pen bashobora gushika mu gice ca kabiri c'amatora y'i itariki 7 Ukwezi kwa gatanu, ariko akaba asa n'amatora azoba yegeranye cane.

Mu matora yakozwe na Elabe ku bw'ikigo c'amakuru BFMTV, Bwana Macron yoronka 24% mu gice ca mbere, Marine Le Pen 23%, Francois Fillon 19.5%, Bwana Mélenchon 18%.

Bwana Macron ngo niwe yotahukana intsinzi mu gice ca nyuma.