Ubwongereza butegekanya gukoresha amatora vuba

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May yatangaje ko agiye guhamagaza amatora itariki 8 Ukwezi kwa gatandatu.

Yavuze ko Ubwongereza bukeneye umutekano n'inzego zikomeye inyuma y'amatora kamarampaka yo kuvana n'u Buraya.

Asigura iyo ngingo, umupfasoni May yagize ati: "Igihugu kiriko kirasubira kwiyunga ariko siko bimeze mu nama nshingamateka."

Ku munsi wa gatatu hategekanijwe amatora kuri ayo matora - abo mu mugambwe w'aba Travaillistes bavuze ko bazoshigikira leta.

Umushikiranganji wa mbere yipfuza gushigikigwa n'inama nshingamateka kugira ngo ashobore gutunganya amatora imbere yo mu 2020.

Asigura igitumye yihutishije ayo matora, umupfasoni May yagize ati: "Nigiriye inama ko inzira yotuma tugira umutima uri hamwe mu vyo dukora no ku vyerekeye umutekano mu myaka iri imbere, aruko twokoresha ayo matora."

Yagirije iyindi migambwe yo mu Bwongereza "gucengacengana", yongera avuga ko Brexit (ukuva mu muryango wa Buraya) itagenze neza, ko bizotuma igihugu gitumbera iyo kitazi, kikarangwamwo n'umutekano muke".

"Kuri ivyo turakeneye amatora rusangi kandi ubu. Nta kandi karyo keza ko kuyakoresha nk'ubu.

"Ni tutakora amatora rusangi ubu, bazoguma bacengacengana munyuma ibiganiro vyo kuva mu muryango wa Buraya bishike aho bitangura kugorana twimirije amatora," niko yavuze.