Abantu babiri bikekwa gutegura igitero mu matora y'Ubufaransa bafashwe

Igipolisi casatse inyubakwa yo mw'ikomine ya Marseille Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igipolisi casatse inyubakwa yo mw'ikomine ya Marseille

Imbere y'iminsi itanu y'amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa, abantu babiri bikekwa gutegura igitero igihe c'amatora, bafashwe mu gisagara ca Marseille.

Abo bantu bikekwa bafise imyaka 23 na 29, bari bapfunzwe n'igipolisi kijejwe iperereza inyuma y'isaka ryamaze iminsi myinshi.

Igihugu c'Ubufaransa kiri mu gihe c'amategeko adasanzwe, inyuma y'ibitero vyahitanye ubuzima bw'abantu 230.

Igorofa yo mw'ikomine ya Marseille yasatswe, inyuma yaho hatangiwe amakuru ko hari inkoho n'ibikoresho vyo gukora ibisasu biturika vyahatowe.

Umushikiranganji w'intwaro ya hagati mu gihugu, Matthias Fekl, ntiyavuze aho abikekwa bategekanya gutera, ariko avuga ko ari abafaransa.

"Bafise intego yo kugaba igitero ku butaka bw'Ubufaransa vuba, mu yandi majambo, muri ino minsi ikurikira," niko yavuze.

Ikigo kijejwe iperereza DGSI cavuze ko abo bantu babiri bariko barategura igitero cohurirana n'amatora.

Abakandida 11 nibo bazohiganigwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora y'igice ca mbere ku wa 23 Ukwezi kwa kane, babiri ba mbere bagahita baja mu matora ya kabiri itariki 7 Ukwezi kwa gatanu.