Umusirikare w'umufaransa akurikiranwa gufata abakobwa ku nguvu

Sebastien L yari mu mugwi w'abasirikare bahangana n'imigwi y'abagwanyi b'aba Islamu mu karere ka Sahel muri Burkina Faso Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sebastien L yari mu mugwi w'abasirikare bahangana n'imigwi y'abagwanyi b'aba Islamu mu karere ka Sahel muri Burkina Faso

Urubanza rw'umusirikare w'umufaransa yagirizwa gufata ku nguvu abana b'abakobwa babiri akora muri Burkina Faso mu 2015 rwatanguye kuri uno wa kabiri.

Uwo mugabo w'imyaka 40 azwi ku mazina ya Sebastien L, yitezwe kwitaba sentare ikurikirana ivyaha ya Paris.

Abashikirizamanza bavuga ko uwo mugabo yifashe amafoto ariko arakora kuri abo bakobwa muri "piscine" y'ihoteli iri i Ouagadougou muri Burkina Faso.

Ubwa mbere uwo musirikare yarahakanye ivyo aregwa, munyuma ariyemerera ko yakoze aho atarekuriwe, niko abashikirizamanza bavuze.

Sebastien L yari mu mugwi Barkhane wagenywe mu 2014, ngo ufashe guhasha imigwi y'abagwanyi b'aba Islamu bo mu karere ka Sahel.

Ayo makuru yashikiriye ubuserukizi bw'Ubufaransa, igihe nyina w'abo bana w'umufaransakazi afatiye amafoto muri camera uwo musirikare yibagiye, niko abashikirizamanza bavuze.

Se wabo bakobwa afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa akongera akaba n'umu Burkinabe, yipfuza ko uwo musirikare yociribwa urubanza muri Burkina Faso.

Igihe Sebastien L yoba yagiwe, yoshobora guhabwa igihano co gupfungwa imyaka itorenga cumi.