EU ntaco ihindura naho Ubwongereza bwahamagaje amatora

Donald Tusk yavuze ko yaronse akamo ka telefone k'umupfasoni May Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Tusk yavuze ko yaronse akamo ka telefone k'umupfasoni May

Ivyateguwe bijanye n'ukuva kw'Ubwongereza mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya, Brexit, ngo ntibihinduka naho Ubwongereza bwahamagaje amatora hutihuti, niko akanama karongoye EU kavuze.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yari yemeye ko ata matora azohamagaza imbere yo mu 2020, yavuze ko yiteguye gutunganya amatora itariki 8 z'Ukwezi kwa gatandatu.

Umuvugizi wa Donald Tusk arongoye akanama k'umuryango w'Ubumwe bwa Buraya, yavuze ko ibihugu 27 bisigaye bizobandanya gukora nkuko bitegekanijwe.

"Amatora yo mu Bwongereza ntaco ahindura kuvyo EU y'ibihugu 27 itegekanya gukora," niko umuvugizi wa Bwana Tusk yavuze.

Yongeye ati: "Twiteze ko urutonde rw'ingene Brexit izogenda bizemezwa n'inama y'ibihugu vya Buraya itariki 29 z'Ukwezi kwa kane, amategeko y'ingene Brexit yokogwa akaba yasohotse itariki 22 z'Ukwezi kwa gatanu. Ivyo bikaba bizotuma EU y'ibihugu 27 itangura ibiganiro."