Ubwato bw'ingwano bwa Amerika ntibugana Korea ya ruguru

Ubwato bwikorera indege USS Carl Vinson (i bubamfu) hamwe n'ubundi bwato bubuherekeje bwari mw'ibahari Indiano mu mpera z'indwi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ubwato bwikorera indege USS Carl Vinson (i bubamfu) hamwe n'ubundi bwato bubuherekeje bwari mw'ibahari Indiano mu mpera z'indwi iheze

Amato y'ingwano ya Amerika ntasoza agana akarere ka Korea ya ruguru nkuko bimaze iminsi bivugwa, abayabonye mu mpera z'indwi iheze bavuga ko yafashe iyindi nzira.

Igisirikare co mu mazi ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cavuze itariki 8 z'ukwezi kwa kane ko ubwato Carl Vinson n'ubundi bubuherekeje bwariko buja mu karere ka Korea kubera uruhagarara Pyongyang yatera igerageza ibigwanisho vya "nucléaire".

Mu ndwi iheze Prezida Trump yavuze ko hari umugwi w'amato "armada" warungitswe.

Mu mpera z'ino ndwi uwo mugwi w'amato wari ugeze kure, ugana ahitwa Sunda Strait mw'ibahari Indiano.

Igisirikare ca Amerika cavuze ku munsi wa kabiri ko kitagitembereye ikivuko ca Perth, ariko ko carangihje imyimenyerezo cagirana na Australia ku nkengera y'ico gihugu yo mu buraruko bushira uburengero, cavuye Singapour itariki 8 ukwezi kwa kane.

Ubwo bwato bw'ingwano "buriko buja mu karere k'ibahari ya Pacifique yo mu burengero nkuko bwategetswe".

Ntawuzi neza igituma butashitse iyo vyavuzwe ko bugiye, canke ko kwari ugutera ubwoba umukuru w'igihugu ca Korea ya ruguru Kim Jong-un, canke ko umugambi wahavuye munyuma uhinduka canke ko amakuru yashikirijwe nabi, niko umumenyeshamakuru wa BBC mu karere ka Korea Stephen Evans yavuze.