Umugabo yishe abazungu batatu muri Californie

Amafoto abiri ya Kori Ali Muhammad yatanzwe n'igipolisi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Amafoto abiri ya Kori Ali Muhammad yatanzwe n'igipolisi

Abazungu batatu bishwe uwundi arakomereka inyuma yaho umugabo w'umwirabure arasiye ahitwa Fresno mu ntara ya Californie muri Amerika, igitero igipolisi kivuga ko coba gishingiye ku macakubiri y'urukoba.

Ku munsi wa kabiri, Kori Ali Muhammad yarashe adahagarika insoro 16 mu masegonda 90, niko umukuru w'igipolisi Jerry Dyer yavuze.

Yarashe avugira hejuru ati "Imana ni nkuru" mu rurimi rw'icarabu igihe yafatwa, ariko ngo ni ubwicanyi bushingiye ku rwanko si ubujanye n'iterabwoba, niko Bwana Dyer avuga.

Bwana Muhammad w'imyaka 39, akurikiranwa kandi ku rupfu rw'umunyezamu w'ihoteri rwo mu ndwi iheze.

Afise imitahe ine ishingiye ku bwicanyi n'ibiri yo kurondera kwica.

Umwe mu barongoye idini rya Islamu yavuze ko Bwana Muhammad adaserukira idini rya Islamu.

Abo bantu bose bishwe n'abazungu, umwe muri bo akaba yishwe yicaye mu modoka.

Uwo mugabo yakoze ubwo bwicanyi yari yavugiye ku mbuga hwaniro ko yanka abazungu, niko igipolisi cavuze.

"Yipfuza kwica benshi bashoboka kandi nivyo yari yiteguriye gukora," niko Bwana Dyer yavuze.

Bwana Dyer avuga ko igitero co ku munsi wa kabiri "ata sano gifitaniye n'iterabwoba naho umuntu yoba yihweje ivyo Kori Ali Muhammad yavuze".