Uwigeze gukina mw'ihiganwa rya Amerika yapfiriye mw'ibohero

Hernandez yari yakuweko ivyaha bibiri vy'ubwicanyi mu ndwi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hernandez yari yakuweko ivyaha bibiri vy'ubwicanyi mu ndwi iheze

Umugabo yahora akina mw'ihiganwa NFL rya Amerika, Aaron Hernandez, yasanzwe yapfuye mw'ibohero yarimwo mu ntara ya Massachusetts, niko ubutegetsi bwavuze.

Hernandez yimanitse kw'ibohero "Souza Baranowski Correctional Center", munyuma abaganga bavuga ko yapfuye ashikanywe ku bitaro.

Uwo mukinyi yahora mu murwi New England Patriots yari yahawe igipfungo c'ubuzima bwose, inyuma yaho yiciye umugabo yahora gukurikira umukobwa avukana n'umufiyanse wiwe.

Mu ndwi iheze yari yakuweko ivyaha bibiri vy'ubwicanyi bwaturutse ku nzoga yasesetse.

Hernandez yavuze ico gihe ko "aryohewe cane".

Ubutegetsi bw'aho yari apfungiwe bwemeje ivy'urupfu rwiwe ku munsi wa gatatu.

Bwavuze ko yabanje kuzibira umuryango w'aho yari apfungiwe imbere yuko yimanika, abatabazi bagerageje kumutabara ariko ashikanwa ku bitaro yacikanye.

Igipolisi kiri mu kibanza vyabereyemwo kandi umuryango wiwe wamaze kubimenyeshwa, niko ubutegetsi buvuga.

Naho Hernandez yari yagiriwe ikigongwe mu ndwi iheze, yari yongewe igipfungo c'iyindi myaka itanu ku kuba yari atunze inkoho atabirekuriwe n'amategeko.