Ibinogo 17 bishya vyahambwemwo abantu muri RD Congo.

Igisirikare ca Congo kimaze igihe kigwanye n'umugwi w'inyeshamba mu ntara ya Kasai ya hagati Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisirikare ca Congo kimaze igihe kigwanye n'umugwi w'inyeshamba mu ntara ya Kasai ya hagati

Ibinogo 17 vyahambwemwo abantu vyubuwe mu ntara ya Kasai ya hagati muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), igitigiri cavyo kiba kiduze kuri 40, nkuko umuryango mpuzamakungu Onu wabishikirije.

Abahinga ba Onu bakoze itohoza kuri ubwo bwicanyi babwiwe ko abasirikare b'igihugu ca Congo bimvye ivyo binogo bahejeje kwica abantu 74 barimwo abana 30, mu ntara ya Kasai ya hagati mu ngwano yo mu mpera z'ukwezi guheze.

Abasirikare b'igihugu batanguye gutana mu mitwe n'abagwanyi bo mu mugwi uzwi kw'izina rya Kamuina Nsapu, inyuma yaho umutware wabo yiciwe.

Ubutegetsi buvuga ko bugwanya uwo mugwi mu ntumbero yo guhagarika imigumuko yadutse munyuma.

Impande zose ziragirizwa guhonyanga agateka ka kiremwa muntu igihe c'imishamirano.