Uburusiya bwishe abantu babiri bikekwako iterabwoba

Igitero c'iterabwoba ca Saint Petersburg cishe abantu 14 gikomeretsa abashika 100 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igitero c'iterabwoba ca Saint Petersburg cishe abantu 14 gikomeretsa abashika 100

Inteko zicungera umutekano mu Burusiya zavuze ko zishe abantu babiri baturuka muri Asia ya hagati inyuma yaho bankiye gufatwa mw'isekeza ryakorewe hafi y'igisagara ca Vladimir, mu buseruko bwa Moscou.

Ubutegetsi buvuga ko abo bagabo bari bamaze igihe bavugana n'abajejwe kurondera abinjira mu mugwi w'iterabwoba, ukorera mu bihugu vyinshi.

Bwavuze ko bwatoye ibikoresho vyo gukora amabombe, ibigwanisho hamwe n'amasasu.

Abantu icenda baturuka muri Asia ya hagati bikekwa kuba baragize uruhara mu gitero ca Saint Petersburg mu ntango ya kuno kwezi, barapfunzwe.

Uwikekwa ko yagikoze abanje kwiyahura (Akbarzhon Jalilov) n'umunya Kyrgyzstan yarafise ubwenegihugu bw'Uburusiya.