Ubushinwa butewe amakenga n'inyifato ya Korea ya ruguru

Korea ya ruguru iherutse kwerekana ibigwanisho itunze igihe c'isabukuru rya Kim Il-sung Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Korea ya ruguru iherutse kwerekana ibigwanisho itunze igihe c'isabukuru rya Kim Il-sung

Igihugu c'Ubushinwa cavuze ko gitewe cane amakenga n'ibikogwa vya "nucléaire" vya Korea ya ruguru, inyuma y'ikiganiro BBC yagiranye n'umutegetsi wo hejuru wa Korea ya ruguru.

Icegera c'umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu muri Korea ya ruguru yabwiye BBC ko Pyongyang izoguma igerageza "missiles" kandi ko yiteguye gutanguza uburyo bwo kwikingira ku bitero vyogabwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire Lu Kang, yavuze ko Ubushinwa budashigikiye uguterana amajambo canke ibikogwa vyo gusotorana bituma uruhagarara rwiyongera.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari i Beijing yavuze ko ubutegetsi bw'Ubushinwa busa n'ubuguma bushavuzwa na Korea ya ruguru, igihugu kigenzi kandi bakorana.

Bwana Lu yavuze ati: "Ubushinwa bufise amakenga ku bikogwa vya "nucléaire" n'igerageza ry'ama missiles.

"Ubushinwa buguma buhagaze ku mugambi wabwo wo kurandurana n'imizi ibikogwa vya nucléaire mu karere kose ka Korea, gutsimbataza amahoro n'umutekano no gukemura ibibazo biciye mu biganiro."