Uwutwara ikigo c'iperereza muri Nigeria yirukanywe

Amahera yatowe yari avanze amadolari, ama pound sterling hamwe n'ama Naira Uwufise ububasha kw’isanamu ECONOMIC AND FINANCIAL CRIMES COMMISSION
Image caption Amahera yatowe yari avanze amadolari, ama pound sterling hamwe n'ama Naira

Umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, yahagaritse mu mabanga uwurongoye ikigo c'iperereza inyuma yaho hatorewe amahera aharugwa mu mamiliyoni y'amadolari mu nyubakwa mu gisagara ca Lagos.

Iyo ngingo yafashwe inyuma yaho umukuru w'ikigo c'iperereza "National Intelligence Agency", Ayo Oke, yemeje ko amahera yatowe muri iyo nzu ari ay'ikigo arongoye.

Yabandanije avuga ko ari ayo gukoresha mu bikogwa vy'umutekano.

Amahera arenga imiliyoni 40 y'amadolari niyo yatowe ari mu mifungo mu bubabati.

Itohoza ryo kumenya ingene ico kigo caronse ayo mahera ryaratangujwe.