Ubuganda ngo ntibugitewe ubwoba na Joseph Kony

Ingwano Joseph Kony yatanguje imaze imyaka irenga 20 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ingwano Joseph Kony yatanguje imaze imyaka irenga 20

Inteko za gisirikare z'Ubuganda zahagaritse guhiga umukuru w'inyeshamba Joseph Kony muri Repubulika ya Centrafrique (RCA), niko igisirikare cavuze.

Ngo we n'umugwi "Lord's Resistance Army" (LRA) nta nguvu bagifise, ngo nta bwoba bagiteye igihugu c'Ubuganda, niko ico gisirikare cabandanije kivuga.

LRA ivugwa cane ku kuba yaca iminwa abantu ifashe, ikanyuruza n'abana ikoresha nk'abagwanyi, abandi ikabakuramwo abagore b'abagwanyi.

Bwana Kony, arondegwa ku vyaha vyo mu ngwano, yatanguye kubonekera mu Buganda munyuma arahunga, ubu hakaba haheze imyaka cumi.

We n'abagwanyi biwe babanje bahungira mu mashamba yo muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) imbere yo kwungururiza muri CAR.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha "Cour Pénale Internationale" (CPI) yategetse ko afatwa mu 2005, imwagiriza ivyaha vyo mu ngwano.

Igisirikare c'Ubuganda gifashijwe n'abasirikare b'abanyamerika hamwe n'ab'umuryango w'ubumwe bwa Afrika bamaze igihe bamuronderera muri CAR kuva mu 2012.

Amerika yavuye mw'ico gikogwa mu kwezi guheze.

Abagwanyi benshi ba LRA barishikanye hamwe n'umukomanda yitwa Dominic Ongwen ariko araburanishwa na CPI ku vyaha vy'ingwano hamwe n'ivyibasira kiremwa muntu.

Mw'itangazo igisirikare c'Ubuganda casohoye cavuze ko "carangije neza igikogwa cihaye co guhasha LRA kandi ko abagwanyi bayo bagiye kuva muri CAR.

"Joseph Kony n'abagwanyi bari munsi yi 100 ntagikomeye kandi ntaco yokora. Nta bwoba yoba agitera ku mutekano w'Ubuganda canke mu buraruko bw'Ubuganda," niko ryabandanije rivuga.