Uwarondegwa ku bitero vyo ku masengero mu Misiri yishikanye

Abantu 45 nibo bapfuye mu bitero bibiri bitandukanye vyagabwe ku masengero ku munsi wa Mungu w'ibisandasanda mu Misiri Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abantu 45 nibo bapfuye mu bitero bibiri bitandukanye vyagabwe ku masengero ku munsi wa Mungu w'ibisandasanda mu Misiri

Umuntu yarondegwa ku bijanye n'ibitero vyagabwe ku masengero yo mu bisagara vya Tanta na Alexandria mu Misiri yishikanye ku butegetsi, nkuko ikinyamakuru c'igihugu Mena cabishikirije.

Amakuru ava mu rwego rw'umutekano avuga ko uwo mugabo azwi kw'izina rya Mahmoud Mohamed Ali Hassan, ko yaciye ajanwa ku biro bikuru vy'urwego rujejwe umutekano w'igihugu "national security agency", niko Mena yabandanije ivuga.

Uwurongoye amasengero y'aba Cpptes, Papa Tawadros II, yarasomeye imisa muri imwe mu masengero abiri yagabweko ibitero ku munsi wa Mungu w'ibisandasanda, vyahitanye abantu 45, vyemangwa n'umugwi wa Leta y'iki Islamu, "Islamic State".

Ivyo bitero ku bakristu bagize 10% b'abanyagiguhu bose bo mu Misiri, vyatumye haba imyitwarariko ku bijanye n'umutekano w'igihugu na burya umwungere mukuru wa Ekleziya Katolika, Papa Francis, ategekanya gutemberera ico gihugu amatariki ya 28 na 29 y'ukwezi kwa kane.