Imigambwe igwanya Mugabe yagiye hamwe muri Zimbabwe

Bwana Tsvangirai (hagati) n'umupfasoni Mujuru (i buryo), ntibaramenyesha uwuzoseruka mu matora y'umukuru w'igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Tsvangirai (hagati) n'umupfasoni Mujuru (i buryo), ntibaramenyesha uwuzoseruka mu matora y'umukuru w'igihugu

Indongozi z'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi muri Zimbabwe zatanguje urunani rugiye gutegura no kuja mu matora ategekanywa mu mwaka uza, mu ntumbero yo gukura ku butegetsi Robert Mugabe arongoye umugambwe Zanu-PF umaze igihe kirekire utwara.

Uwurongoye umugambwe Movement for Democratic Change (MDC), Morgan Tsvangirai, yasinye amasezerano n'uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu, Joice Mujuru, wo mu mugambwe National People's Party (NPP).

Bwana Tsvangirai yavuze ko ayo masezerano arayo gutunganya urunani rwo guhangana na Bwana Mugabe n'umugambwe wiwe Zanu-PF, uri ku butegetsi kuva igihe igihugu cikukira mu 1980.

Umupfasoni Mujuru yavuze ko MDC na NPP yateguye ayo masezerano ku kiringo c'amezi atandatu, ko ubu bagiye kwumvikana ku ngingo zimwe zimwe zokomeza urwo runani.

Ntibiramenyekana uwuzorongora urwo runani, ico kigashobora kuvamwo ikibazo gikomeye, naho iyindi migambwe igwanya ubutegetsi imaze kwemera ko Bwana Tsvangirai aba ariwe yitoza mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije.

Ku rundi ruhande, Bwana Mugabe w'imyaka 93, yavuze ko urwo runani rudashobora kumubuza gusinzira.

Zanu-PF yagenye kandi Bwana Mugabe, umukuru w'igihugu wa mbere akuze kw'isi, nk'umukandida wawo muri ayo matora.