Umugore avyibushe cane wa 500kg amaze guta inusu

Eman yafotowe ataratangura kugabanywa Uwufise ububasha kw’isanamu COURTESY: DR MUFFAZAL LAKDAWALA
Image caption Eman yafotowe ataratangura kugabanywa

Umugore avyibushe cane (500kg) w'umunya Misiri amaze guta 250kg inyuma yaho atanguriye kubagwa mu kwezi kwa kabiri, niko ikinyamakuru Times co mu Buhindi cavuze.

Inyuma yaho atereye ibiro, Eman Ahmed w'imyaka 36, ashobora gukwigwa ubu mu ntebe isunikwa (fauteuil roulant), akicara umwanya muremure, niko abaganga bamuvura i Mumbai bavuze.

Igihe afata urugendo aja mu Buhindi mu kwezi kwa kabiri kubagwa, umuryango wa Eman wavuze ko bwari bubaye ubwa mbere ava mu rugo mu myaka 25.

Mu myaka itatu iheze, Eman yarafashwe n'ingwara itera imirindi y'amaraso mu mutwe, bituma uruhande rw'umubiri rw'i buryo rukongatara (paralysie) adashobora no kuva ku gitanda, niko Times cabandanije kivuga.

Abaganga bavuga ko atarashobora gutambuka, ko aguma mu gitanda ariko ngo hari abahinga bariko baragerageza ngo atambuke ariko ngo ntibazi igihe bizokundira.