Tottenham na Chelsea niyo migwi myiza uno mwaka muri Premier League

Umugwi wa Tottenham niwo ubangamiye cane Chelsea mw'ihiganwa rya Premier League 2016/17 Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Umugwi wa Tottenham niwo ubangamiye cane Chelsea mw'ihiganwa rya Premier League 2016/17

Imigwi ya Tottenham na Chelsea yose ifise abakinyi bane bane batowe nka beza n'ikigo c'abagize umupira w'amaguru umwuga, Professional Footballers' Association, mw'ihiganwa rya Premier League uno mwaka.

Abakinyi b'inyuma Gary Cahill na David Luiz hamwe n'abo hagati N'Golo Kante na Eden Hazard nibo batowe muri Chelsea.

Bane ba Tottenham bakaba abakinyi b'inyuma Kyle Walker na Danny Rose, uwo hagati Dele Alli hamwe n'uw'imbere Harry Kane.

Image caption Abogira umugwi w'abakinyi bakomeye mu Bwongereza mu mwaka wa 2016/17

Umunyegori wa Manchester United, David de Gea, Sadio Mane wa Liverpool na Romelu Lukaku wa Everton nabo nyene baratowe mu bakinyi beza.

Imigwi ya Chelsea na Tottenham irahanganye mw'ihiganwa rya Premier League ryo mu Bwongereza uno mwaka.

Umugwi wa Chelsea uri imbere mu manota (75) n'inkino 32 ukurikigwa n'umugwi wa Tottenham ufise amanota 71 n'inkino 32. Iyo migwi ukwo ari ibiri isigaje inkino zitandatu, bikaba bigoye kuvuga muri kino gihe uwokwegukana igikombe.