Icigwa co mu Bufaransa casanze umuti w'intandara utuma abana bavukana ubumuga

Ishirahamwe Sanofi niryo rikora uwo muti "valproate" utera abana ubumuga Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ishirahamwe Sanofi niryo rikora uwo muti "valproate" utera abana ubumuga

Icigwa cakorewe mu Bufaransa kivuga ko umuti utangwa ku bagore bibungenze mu kugwanya intandara n'izindi ngwara zo mu mutwe utuma abana bagera ku 4100 bavukana ubumuga.

Abagore bahawe umuti w'intandara "valproate" bashobora kuvyara abana bafise ubumuga, ni ivyatowe mu cigwa cakozwe.

Umuti "valproate" watangujwe mu Bufaransa mu 1967, muri kino gihe ukaba ukoreshwa kw'isi yose.

Abaganga bo mu Bufaransa muri kino gihe basabwa kutawuha abakobwa, abagore bari mu myaka yo gushobora kuvyara hamwe n'abagore bibungenze.

Ishirahamwe riwuhingura Sanofi ntaco rirabivugako.

Bamwe mu bantu bagize ingorane kubera uwo muti, bavuze ko Ubufaransa hamwe n'iryo shirahamwe batevye kugabisha ku ngaruka mbi z'uwo muti.

Izo ngaruka zaratowe no mu kindi cigwa cakorewe mu Bwongereza mu 2013.