Aeroflot y'Uburusiya ngo iha akazi aba "hotesses" bonze gusa

Aba "hotesses" bo mu ndege z'ishirahamwe Aeroflot Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aba "hotesses" bo mu ndege z'ishirahamwe Aeroflot

Ishirahamwe ry'indege ry'igihugu Aeroflot riri mu rubanza rwashingishijwe n'abakobwa bakora mu ndege baryagiriza guhitamwo abakobwa bonze kandi beza gusa.

Sentare ya Moscou yaranse kwemeza ivyo birego ku munsi wa kabiri, vyashikirijwe n'umu "hotesse" Irina Ierusalimskaya.

Ategekanya kwunguruza urubanza kandi akaba ashigikiwe n'uwurongoye ikigo c'igihugu giharanira agateka ka kiremwa muntu n'ak'abakozi, Boris Kravchenko.

Iryo shirahamwe risigura ko iyo ibiro vyiyongeye bitewe n'abantu bavyibushe, ko Aeroflot ikoresha ibitoro vyinshi.

Ku rukaratasi uwusaba akazi k'ubu "hotesse" yuzuza, barabaza umuntu ibiro afise, uburebure, n'bipimo vy'impuzu yambara.

Abo ba "hotesses" bategerezwa gushikana uburebure busabwa na burya bafise akazi ko kubika imizigo mu bubati buri hejuru mu ndege, niko Aeroflot ivuga.

Sentare yiteze kwihweza ibindi birego vy'uwundi mu "hotesse", Yevgenia Magurina.