Onu: abana umuliyoni n'igice barageramiwe kubera ubwicanyi muri RD Congo

Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York (hagati)
Image caption Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York (hagati)

Umuryango mpuzamakungu Onu wamenyesheje ko abana umuliyoni n'igice barageramiwe kubera ubwicanyi burenze urugero buri muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, DR Congo.

Ikigo citaho abana muri Onu, kivuga ko ibihumbi vy'abana bafashwe ku gahato bajanwa kugwana mu ntara ya Kasai, abandi bafatwa ku nguvu ku bijanye n'imibonano mpuzabitsina, abandi baricwa.

Unicef ivuga ko yasanze amashule 350 yarabomowe. Ivuga ko abantu barenga umuliyoni bakuwe mu vyabo kuva aho imishamirano hagati y'igisirikare n'umugwi w'abagwanyi itanguriye mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze.

Niburiburi ibinogo 40 vyahambwemwo abantu vyaratowe muri ako karere.