Igisirikare ca Kenya cishe abagwanyi barenga 50 ba Al-Shabab

Abagwanyi ba Al-Shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abagwanyi ba Al-Shabab

Igisirikare ca Kenya cavuze ko cishe abagwanyi barenga 50 b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al-Shabab, mu gitero co mu bumanuko bwa Somalia.

Kivuga ko cafashe ibigwanisho n'amasasu, gisambura n'ikirindiro cabo mu ntara ya Badhaadhe muri Lower Juba.

Al-Shabab nta na kimwe irabivugako gushika ubu.

Ibihumbi vy'abasirikare b'aba Kenya bari mu mugwi w'Ubumwe bwa Afrika, ufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia.

Benshi muribo bakorera mu bumanuko hafi y'urubibe rwa Kenya na Somalia.

Al-Shabab irakunze kujabuka ikagaba ibitero mu gihugu ca Kenya, ikanatera n'ibirindiro vy'abasirikare ba Kenya muri Somalia.