Isanganya ryatwaye abana 19 muri Afrika y'epfo

Iyo bus yari itwaye abanyeshure Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER/ER24
Image caption Iyo bus yari itwaye abanyeshure

Impanuka yabaye hagati y'imodokari yo mu bwoko bwa bus yasekanye n'ikamyo muri Afrika y'epfo, yahitanye abana 19 hafi y'umuji wa Pretoria muri Afrika y'epfo.

Muri iryo sanganya, iyo bus yasekanye n'ikamyo ica iraturika urubeya ku ruhande rwasetse, nikwo kugwa ku ruhande.

Igipolisi kimenyesha ko uwo mushoferi wa bus yaciye acikana, ariko uwari atwaye ikamyo yarokotse.

Icoba cateye iryo sanganya n'ubu ntikiramenyekana.