Ubwato bw'ingwano buca munsi y'amazi bwa Amerika bwageze Korea yepfo

USS Michigan n'ubwato bw'ingwano bugendera munsi y'amazi bufise n'ibigwanisho vya "nucléaire" Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption USS Michigan n'ubwato bw'ingwano bugendera munsi y'amazi bufise n'ibigwanisho vya "nucléaire"

Ubwato bw'ingwano bugendera munsi y'amazi (sous-marin) bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwageze mu gihugu ca Korea yepfo mu gihe hari amakenga ko Korea ya ruguru ishobora kugerageza ibindi bigwanisho.

Ubwato USS Michigan bufise ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missile" bugiye kuja hamwe n'ubundi bwato burongowe n'ubutwara indege z'ingwano Carl Vinson.

Korea ya ruguru iriko irigina isabukuru ya 85 y'igisirikare c'igihugu ku munsi wa kabiri.

Muri ivyo birori harimwo imyimenyerezo y'intambara ikoregwa mw'ishamba, niko ubutegetsi bwa Korea yepfo bwavuze.

Uruhagarara rwariyongeye mu karere muri zino ndwi ziheze, Amerika na Korea ya ruguru baterana amajambo.

Abahinga bavuga ko Korea ya ruguru yoba iriko irategura gukora irindi gerageza ry'ibigwanisho nkuko yagiye irabikora igihe c'izindi sabukuru, igerageza ibigwanisho vya "nucléaire" canke itera za "missiles".

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Korea yepfo bwavuze ariko "ko ata kintu giteye amakenga burabone muri iyo myiteguro".

"Igisirikare cacu kiriko kirakurikirana ivyo igisirikare ca Korea ya ruguru kirimwo".

Bitegekanijwe ko inama nshingamateka ya Amerika yitaba inama aho izosobanurigwa ku bijanye na Korea ya ruguru, ku munsi wa gatatu mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House.