Le Pen yavuye ku burongozi bwa Front National

Marine Le Pen (i buryo) azohangana na Emmanuel Macron (i bubamfu) mu matora ya kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Marine Le Pen (i buryo) azohangana na Emmanuel Macron (i bubamfu) mu matora ya kabiri

Umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa Marine Le Pen yatangaje ko akinjuye ku burongozi bw'umugambwe Front National (FN).

Amenyesheje ivyo umunsi umwe bimenyekanye ko agiye mu matora ya kabiri aho azohura na Emmanuel Macron.

Umupfasoni Le Pen yabwiye televiziyo y'Ubufaransa ko yipfuza kurengera ivyiyumviro vyotuma abanyagihugu bicamwo imigwi.

Mu matora ashingiye ku vyo abanyagihugu biyumvira (sondage d'opinion), Bwana Macron niwe yitezwe gutsinda amatora ya kabiri ariko umupfasoni Le Pen yavuze ati: "Dushobora gutsinda, tuzotsinda." Opinion polls suggest Mr Macron is firm favourite for the second round but Ms Le Pen said: "We can win, we will win."

Umupfasoni Le Pen yavuze ko yafashe iyo ngingo yavyiyumviriye cane, ko umukuru w'igihugu c'Ubufaransa asabwa kunywanisha abafaransa bose.

"Kur'uno mugoroba, sinkiri umukuru w'umugambwe Front National, ndi umukandida agwanira ubukuru bw'igihugu c'Ubufaransa," niko yavuze.