Hollande asaba ubwiyunge mu kugwanya iterabwoba

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Francois Hollande yaranse kwitoza ku kiringo ca kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Francois Hollande yaranse kwitoza ku kiringo ca kabiri

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Francois Hollande yasavye abanyepolitike kuja hamwe mu kugwanya iterabwoba, ingwano yavuze ko igoye kandi izoba ndende.

Yashikirije ayo majambo bariko batanga icubahiro ca nyuma ku mupolisi yishwe arashwe mu gisagara ca Paris mu ndwi iheze, munyuma abitezwe kumusubirira bakerekana ingendo zitandukanye ku kibazo c'umutekano.

Emmanuel Macron na Marine Le Pen bari bagiye murivyo birori vyateguriwe umuhisi Xavier Jugele.

Umukenyezi Le Pen yipfuza ko Ubufaransa bwogenzura imbibe, bukirukana abanyamahanga bose bari ku rutonde rw'abikekwako ibikogwa vy'iterabwoba.

Bwana Macron we yipfuza ko Ubufaransa bwugururira imiryango abimukira ariko agasaba abanyagihugu kudategwa n'akoba.