Impanuka y'imodoka yishe 24 muri Kenya

Abantu 24 nibo bapfuye mu mpanuka y'imodoka yabereye kw'ibarabara rya Nairobi na Mombasa ku wa mbere mw'ijoro Uwufise ububasha kw’isanamu HISANI
Image caption Abantu 24 nibo bapfuye mu mpanuka y'imodoka yabereye kw'ibarabara rya Nairobi na Mombasa ku wa mbere mw'ijoro

Abantu 24 bitavye Imana abandi benshi barakomereka mu mpanuka yabaye mw'ijoro ku munsi wa mbere, y'imodoka ivuye ku mugwa mukuru Nairobi ija i Mombasa mu buseruko bw'igihugu.

Ibisi yari itwaye abantu yagonganye n'ikamyo itwaye ibitoro ahitwa Kambu, ku birometero birenga 200 uvuye i Nairobi.

Uwurongoye igipolisi mu karere ka Kibwezi, Leonard Kimaiyo, yabwiye BBC, ko abantu 23 baciye bapfa ubwo nyene, uwundi apfira mu bitaro.

Abantu 20 bakomeretse batwawe ku bitaro vyaho Kibwezi, abandi ahitwa Makindu.

Ababonye ivy'iyo mpanuka babwiye igipolisi ko yashitse umushoferi wa bisi ariko aragerageza kurengana imodoka yari imbere, aca agongana n'iyo kamyo.