Ivanka Trump yazomerewe ashimagije Se

Ivanka Trump yavuze ko Se yamushigikiye atuma atera imbere Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Ivanka Trump yavuze ko Se yamushigikiye atuma atera imbere

Umukobwa wa Prezida Donald Trump, Ivanka yazomerewe ariko ashigikira Se ku bijanye n'abagore mu nama ya G20 y'abagore mu gisagara ca Berlin.

Uwo mukobwa yari mu kiganiro c'abagore bikorera utwabo barimwo uwurongoye inama nshinkiranganji y'Ubudagi, Angela Merkel hamwe n'umukuru wa IMF, Christine Lagarde.

Abari mu nama bamwiyamirije igihe yashimagiza prezida wa Amerika.

Abari mu nama bamuzomereye igihe yavuga ko Se "atawe banganya mu gushigikira imiryango no kuyifasha gutera imbere".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Trump Ivanka yari yatumiwe n'umukuru wa leta y'Ubudagi, Angela Merkel (uwa kabiri i buryo)

Bwana Trump yaraneguwe ku nyifato yiwe ku bagore, inyuma yaho amashusho amwerekana avuga amajambo ataryoshe yerekaniwe igihe yiyamamaza.

"Yaranshigikiye atuma ntera imbere. Nakuriye mu nzu ataco nari mbujijwe gukora," niko yabandanije avuga.