Newcastle igiye kugaruka muri Premier League

Rafael Benitez amaze gutsinda inkino 34 ku nkino 61 amenyereza umugwi Newcastle Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Rafael Benitez amaze gutsinda inkino 34 ku nkino 61 amenyereza umugwi Newcastle

Umumenyereza w'umugwi Newcastle asaba kuronswa uburyo bwo kugura abakinyi bashasha imbere yuko umugwi wiwe ugaruka mw'ihiganwa rya Premier League mu mwaka uza, nkuko uwahora awukinira Alan Shearer yabimenyesheje.

Benitez yakoresheje amahera ari hejuru y'imiliyoni £50 (imiliyoni $64) mu mwaka uheze, ariko Shearer avuga ko uwo mugwi ushobora gusanga uwo mugabo wo muri Espagne yigiriye, igihe atoba ahawe ayo mahera.

"Nibaza ko kumuha amahera yo kurondera abakinyi ari vyo vyotuma aguma muri uwo mugwi."

Newcastle yatsinze urukino rutuma iduga muri Premier League ku munsi wa mbere, itsindiye ku kibuga cayo umugwi Preston 4-1.