Ubushinwa bwaronse ubwato bushasha bw'ingwano

Buno bwato bushasha ni ubwa mbere bukozwe n'Ubushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Buno bwato bushasha ni ubwa mbere bukozwe n'Ubushinwa

Igihugu c'Ubushinwa cakwanguye ubwato bushasha bushobora kurerura no kugwako indege z'ingwano mu kugaragaza inguvu zico gihugu mu vya gisirikare.

Bubaye ubwato bwa kabiri butwara indege inyuma ya Liaoning, ubwa mbere bukorewe muri ico gihugu.

Ubwo bwato izina ryabwo ritaratangwa bwinjijwe mu mazi mu buraruko bushira ubuseruko bw'ikivuko ca Dalian, nkuko itangazamakuru ry'igihugu ryabishikirije.

Bivugwa ko buzotangura gukora mu 2020.

Bwerekanywe mu ruhagarara rumaze igihe mu karere ka Korea, leta zunze ubumwe za Amerika ziterana amajambo na Korea ya ruguru.

Ubushinwa bwari busanganywe ubwato bumwe butwara indege z'ingwano, Liaoning, bwaguriye muri Ukraine munyuma bubusubiramwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubwato Liaoning nibwo bwato bwa mbere bw'ingwano bw'Ubushinwa

Amerika imaze iminsi irungitse ubwato bw'ingwano hamwe na "sous-marin" mu karere ka Korea, bituma Korea ya ruguru itegwa n'agashavu.

Ubushinwa busaba ivyo bihugu gutekana.