Amerika yatanguye gushinga inkingi y'ibitero vya "missile" muri Korea yepfo

Ibikoresho vyo kwubaka inkingi yo kuzibira "missiles" yagiye gushingwa ahitwa Seongju, hahora hakinigwa golf Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibikoresho vyo kwubaka inkingi yo kuzibira "missiles" yagiye gushingwa ahitwa Seongju, hahora hakinigwa golf

Amerika yatanguye gushinga kuri uno wa gatatu inkingi izohagarika ibitero vya "missile" muri Korea yepfo mu gihe hari uruhagarara rutegwa n'ibikogwa vya Korea ya ruguru vyo kugerageza "missiles" n'ibindi bigwanisho vya "nucléaire".

Inkingi "Thaad" (Terminal High-Altitude Area Defense) izotuma ico gihugu cikingira ku bitero vyogabwa na Korea ya ruguru.

Abanyagihugu baharugwa mu majana biyamirije ivyo bigwanisho igihe imiduga yari ibishikanye aho bitegerezwa gushingwa, mu bumanuko bw'igihugu.

Ubushinwa bwavuze ko ishingwa rya "Thaad" rizotuma umutekano w'akarere uhungabana.

Amerika imaze iminsi irekuye ubwato bw'ingwano hamwe n'ubundi bugendera munsi y'amazi (sous-marin) mu karere ka Korea, mu gihe hari amakenga ko Korea ya ruguru yoja mu bindi bikogwa vyo kugerageza "missiles" n'ibindi bigwanisho vyo mu bwoko bwa "nucléaire".

Ubutegetsi bwa Trump bumaze igihe busaba Ubushinwa guhanura igihugu kigenzi caco, Korea ya ruguru, butegekanya gusigurira abakenguzamateka ingene ikibazo cifashe mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House, kuri uno wa gatatu.

Iyo nkingi Leta Zunze Ubumwe za Amerika zubatse, ihuriranye nuko Ubushinwa nabwo bwakwanguye ubwato bushasha butwara indege z'ingwano, bukorewe mu gihugu, mu gukomeza igisirikare caco mu karere.

Ubushinwa bwaronse ubwato bushasha bw'ingwano