Ababa mu mashamba muri Brésil batanye mu mitwe n'igipolisi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umupolisi ahanganye n'umunyagihugu afise umuheto n'umwampi

Abantu baba mu mashamba mu gihugu ca Brésil batanye mu mitwe n'igipolisi ku munsi wa kabiri ku mugwa mukuru Brasilia, kubera ibibazo vy'amatongo.

Ibihumbi vy'abo bantu bakoraniye ku ngoro y'inama nshingamateka basaba uburenganzira ku matongo, bidogera n'ingene batewe n'abaca ibiti hamwe n'abarimyi.

Abaharanira amateka bavuga ko abanyagihugu 13 muri bo, bishwe mu ndyane zishingiye ku matongo mu mwaka uheze.

Igipolisi kivuga ko vyabaye ngombwa gukoresha inguvu nyinshi, bitewe nuko bamwe mu bagumutse bashaka kwinjira mu ngoro y'inama nshingamateka.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Benshi mu bagumutse bari bafise imyambaro ndangamuco ku mutwe
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi kivuga ko amakimbirane yatanguye abo bantu bagiye guca mu kayira kinjira mu ngoro y'inama nshingamateka
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bamwe mu bari mu myiyerekano bari bafise imiheto hamwe n'imyampi
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi kivuga ko ata mupolisi numwe yakomerekejwe n'umwampi
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abapolisi bafise inkinzo bagerageza gusubiza inyuma abagumutse
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abagumutse bari bafise amasandugu angana n'igitigiri c'ababo bishwe
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi cararashe ivyuka vya gaz ku bagumutse
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abagumutse nabo bakagerageza gusubiza inyuma n'imigere amacupa ya gaz

xxx