Turukiya yataye mu mvuto abantu 1000 mu bikekwa guhindura inzego mu 2016

Abantu barenga 3000 bagwiriyemwo abapolisi nibo barondegwa mw'isekeza ryo ku munsi wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu barenga 3000 bagwiriyemwo abapolisi nibo barondegwa mw'isekeza ryo ku munsi wa gatatu

Igipolisi ca Turukiya cashize mu mvuto abantu 1 000 bikekwa kuba mu mugwi w'abashatse guhirika ubutegetsi mu 2016.

Abandi 2 200 nibo bahigwa, igihe ubutegetsi bwarondera abantu bavugwa ko bari mu mugwi utazwi wavukiye mu bari mu rwego rw'igipolisi c'igihugu.

Ubutegetsi bwa Turukiya bwavuze ko umugwi uyoboka umuvugabutumwa w'umu Islamu aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Fethullah Gulen, ko ariwo wari inyuma y'igitero kitakunze co gukura ku butegetsi Prezida Recep Tayyip Erdogan.

Mu ntango za kuno kwezi, uwo mukuru w'igihugu yaratsinze amatora kamarampaka, agiye gutuma agira ububasha bunini buruta ubwo yahorana.

Inyuma y'iyo ntsinzi ku majwi ari ku rushi, Bwana Erdogan agiye kurongora leta, ntabe acitwa umukuru w'igihugu aseruka mu birori gusa.