Umugore wa mbere muri Tennis Serena Williams aribungenze

Serena Williams yatsinze igikombe ca 23 ca Grand Slam muri Australian Open, haheze iminsi ibiri amenye ko yibungenze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Serena Williams yatsinze igikombe ca 23 ca Grand Slam muri Australian Open, haheze iminsi ibiri amenye ko yibungenze

Serena Williams yavuze ko yamenyesheje ko yibungenze atabiteguye, aruko ashize ifoto yiwe kuri Snapchat.

Uwo mukobwa amaze gutsinda incuro 23 ihiganwa rya Grand Slam yashize ifoto ku mbuga hwaniro, yiraba mu kiyo atanga ubutumwa ati:"indwi 20", imbere yuko ayikurako munyuma uwumufasha kumenyekana aba yemeje ivy'ayo makuru.

Williams, w'imyaka 35, avuga ko yifata amafoto uko indwi iheze ngo akurikirane imbanyi yiwe.

"Nariko ndazibikira, niko yavuze.

"Nagiye ndabikora neza ariko iyo foto imwe yonyene inca mu ryahumye."

Uwufise ububasha kw’isanamu SERENA WILLIAMS
Image caption Iyo niyo foto Williams yashize kuri Snapchat atabiteguye

Uwo mugore wa mbere muri Tennis yavuze ko yamenye ko yibungenze iminsi ibiri imbere yuko ihiganwa rya Australia Open ryo mu kwezi kwa mbere ritangura.