Amerika yiteguye gufatira ibihano Korea ya ruguru

Korea ya ruguru yarasohoye amafoto yerekana imyimenyerezo ya gisirikare irekurira ibisasu vyinshi mu kirere Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Korea ya ruguru yarasohoye amafoto yerekana imyimenyerezo ya gisirikare irekurira ibisasu vyinshi mu kirere

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko inkingi yo kuzibira ibitero vya "missile" igiye gutangura gukoreshwa mu minsi iza kandi ko kigiye gufatira ibihano vy'ubutunzi Korea ya ruguru.

Ivyo bimenyeshejwe n'ubutegetsi bwa Trump mu gihe hari amakenga ku bikogwa vya gisirikare Korea ya ruguru imazemwo iminsi.

Inkingi "Thaad"( Terminal High Altitude Area Defence) yotanguye gukora mu mpera z'umwaka wi 2017.

Abanya Korea yepfo baragwanije uwo mugambi, bavuga ko wotuma bategwa.

Korea ya ruguru yiyemeje kubandanya igerageza rya "missile" n'ibindi bigwanisho vyo mu bwoko bwa "nucléaire".

Abwira abagize inama nshingamateka ku munsi wa gatatu, umukomanda arongoye akarere ka Pacifique, Adm Harry Harris, yavuze ko "Thaad" ishobora gutangura gukora mu minsi iza, igakingira Korea yepfo ku bitero vyogabwa na Korea ya ruguru".

Yavuze ko ubwo buryo bwo kwikingira bwashinzwe ngo butume indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un "yikebuka".