Raila Odinga yagenywe na NASA ka mukandida mu matora yimirije muri Kenya

Raila Amolo Odinga (kw'ifoto) azohangana mu matora yo ku itariki 8, ukwezi kw'umunani na Prezida wa Kenya wubu, Uhuru Kenyatta
Image caption Raila Amolo Odinga (kw'ifoto) azohangana mu matora yo ku itariki 8, ukwezi kw'umunani na Prezida wa Kenya wubu, Uhuru Kenyatta

Urunani "National Super Alliance" (NASA) uno munsi rwagenye Raila Amolo Odinga kuruhagararira mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanywa mu kwezi kw'umunani kw'uno mwaka.

Bwana Odinga azohangana na prezida w'ubu Uhuru Kenyatta arongoye urunani Jubilee, azoba yitoje mu kiringo kigira kabiri ari naco ca nyuma.

Mu migambi yihutigwa, urunani NASA rwihaye intego yo gutorera umuti ibibazo nkoramutima birimwo ukugwanya ibiturire n'ukunyuruza umutungo w'igihugu, amagara kuri bose, kugabanya ibiciro vy'ibifungugwa, kuduza imishahara n'ibindi.

Kurivyo NASA yahinduye ingene ubutegetsi butunganijwe, yo ikaba yisunze inyabutanu, munsi y'umukuru w'igihugu hagategekanywa icegera c'umukuru w'igihugu, uwitwa Kalonzo Musyoka yigeze kurangura ayo mabanga akaba ariwe yahawe uwo mwanya.

Munsi y'icegera c'umukuru w'igihugu hategekanijwe, umukuru w'inama nshinkiranganji, ikibanza cahawe Musalia Mudavadi nawe nyene yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu, munsi yiwe hakaba ivyegera bibiri, uwujejwe ivy'intwaro n'imibano, Isaak Ruto hamwe n'uwujejwe ibibazo vy'ubutunzi, Moses Wetangula.

Image caption Abategetsi bakuru ba NASA, kuva i Bubamfu, Kalonzo Musyoka, Moses Wetangula, Isaack Ruto, Musalia Mudavadi na Raila Odinga

Iryo tunganya rishasha ry'ubutegetsi ryakozwe kugira ngo indongozi zose z'imigambwe ibana mu runani, zishobore kuronka amabanga muri leta, ndetse ivyo bikaba vyashizwe mu masezerano akingiwe n'amategeko kugira ngo ntihagire uwuhirahira ngo abice iruhande.

Kizigenza w'urunani NASA, Raila Odinga, yemejwe n'abo bari kumwe mu burongozi bw'urunani, avuga ko ari agateka ntangere.

"Bose ukwo ari bane bavuze bati Raila arakwiye.....kino ni icubahiro gihambaye bano bavukanyi bankoreye mu kungena ngo mbe abe ari je mfata idarapo y'urunani NASA mu matora yimirije."

Bwana Raila yavuze ko leta azorongora buzoba nk'ubutegetsi mfatakibanza, bisigura ko atazitoza mu kiringo ca kabiri.

Raila Odinga afise imyaka 72, amaze guhakwa kurongora igihugu incuro zibiri, mu matora yo mu 2007 no mu 2013, aho we yivugira ko yatsinzwe kuberako amajwi yibwe.

Amatora y'uno mwaka yaritondewe, ndetse akaba azokogwa ku buhinga bwa "électronique" mu kwirinda ko hoba amajwi yibwa.