Uwundi mukenya akoresha imiti mu kwiruka

Umunonotsi Jemima Sumgong yasavye ko yopimwa ubugira kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunonotsi Jemima Sumgong yasavye ko yopimwa ubugira kabiri

Uwundi mukenya w'umunonotsi yatowemwo umuti ubujijwe mu gisata c'ubunonotsi nkuko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryabishikirije, mu makuru ryahawe n'uwurongoye ishirahamwe ry'abanonotsi "Athletics Kenya"(AK)

Uwurongoye AK, Jackson Tuwei yavuze ko atoshoka atanga amazina y'uwo munonotsi yafashwe, niko Reuters yavuze.

Ayo makuru asohotse haheze indwi zitatu uwundi mukenya w'umunonotsi yiruka "marathon" Jemima Sumgong apimwe bagasanga afise mu mubiri umuti ubujijwe.

Yarahagaritswe mu mahiganwa ariko aracarindiriye inyishu y'aho yipimishije ubugira kabiri ngo ahinyuze ivyatowe ubwa mbere.

Mu gihe vyosubira kwigaragaza ko yatewe uwo muti, ashobora guca ahagarikwa burundu mu mahiganwa.

Igisata c'ubunonotsi ca Kenya kimaze igihe kivugwamwo ingeso yo kwitera imiti yongereza inguvu.