Amerika isaba amakungu guhagurukira Korea ya ruguru

Ibiro vy'umuryango mpuzamakungu Onu (hagati) i New York
Image caption Ibiro vy'umuryango mpuzamakungu Onu (hagati) i New York

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Rex Tillerson, yavuze ko amakungu akwiye kwigira hamwe icogondoza Korea ya ruguru ku mugambi wayo wa "nucléaire".

Mu nama ihambaye y'akanama ka Onu kajejwe umutekano, Bwana Tillerson yasavye ko ibihano vyategekanirijwe Pyongyang bikwiye gushirigwa rimwe mu ngiro.

Yasavye n'ibindi bihugu gukumira Korea ya ruguru mu vy'ubutunzi no kugabanya imigenderanire na Pyongyang.

Bwana Tillerson yavuze ko igihe co kwihangana caheze.

Iyo nama yabaye mu gihe hari uruhagarara rwatewe n'igerageza ry'ibigwanisho ruhonyanganda, rikogwa na Korea ya ruguru.