Ingabo za Amerika zarungitswe ku rubibe rwa Syria

Abarwanyi b'umugwi YPG bariko baragenzura akarere k'imirwano Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi b'umugwi YPG bariko baragenzura akarere k'imirwano

Igisirikare ca Amerika carungitse ingabo mu karere karimwo uruhagarara rukomeye, ku rubibe hagati y'igihugu ca Syria n'ica Turkiya.

Ako karere kabereyemwo imirwano ikomeye hirya no hino y'urubibe muri ino minsi, hagati y'abasirikare ba Turkiya n'abarwanyi b'Abakurde.

Ibiduga vy'ingwano bitamenwa n'amasasu vya Amerika vyagaragaye biriko birakinzura urubibe hafi y'umuji wa Darabasiyah.

Umugwi w'abarwanyi b'Abakurde bari muri ako karere, YPG, ukorana na Amerika mu ntambara bahanganye n'umugwi Islamic State mu buraruko bwa Syria.

Ariko Turkiya ifata umugwi YPG nk'uwegeranye cane na b'abarwanyi b'Abakurde ba PKK, barwanira mu karere k'igihugu kibanyi ca Turkiya.