Ibihumbi vy'abantu bitavye imisa ya Papa Francis mu Misiri

Papa Francis asaba abarongozi bose b'amadini kwiyamiriza ubwicanyi bugirwa mw'izina ry'Imana Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Papa Francis asaba abarongozi bose b'amadini kwiyamiriza ubwicanyi bugirwa mw'izina ry'Imana

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, yasomye imisa i Cairo yitabwe n'ibihumbi vy'abantu, ku munsi wa nyuma w'urugendo rwiwe mu Misiri.

Abaje gusenga bahuriye muri stade, bafise amabendera banarekurira mu kirere ibipulizo vy'amabara ya Vatikano, igihe Papa yinjira.

Uru rugendo rubaye nyuma y'ubwicanyi bwahitanye Abakristu benshi, mu nyigisho yatanze muri iyo misa akaba yasavye ko hoba ukurekuriranira.

Mw'ijambo nyamukuru yashikirije i Cairo ejo kuwa gatanu, yahamagariye abarongozi b'amadini yose kwiyamiriza ubwicanyi bukorwa mw'izina ry'Imana.