Abarwanya leta ya Syria babandanije gucanamwo i Damas

Imigwi irwanya leta ya Syria ibandanije kutana mu mitwe ku murwa mukuru Damas Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Imigwi irwanya leta ya Syria ibandanije kutana mu mitwe ku murwa mukuru Damas

Hari amakuru avuga ko imigwi y'abarwanyi barwanya leta ya Syria, yabandanije gutana mu mitwe ku munsi ugira kabiri mu gace k'imicungararo y'umurwa mukuru, Damas.

Ikigo gikurikirana ibibera muri Syria gifise icicaro mu Bwongereza, SOHR, kivuga ko abarwanyi bashika ku mirongo itatu n'umunani bamaze kuhasiga ubuzima.

Iyo mirwano ibera mu gace kagenzurwa n'abarwanyi kitwa Ghouta y'ubuseruko, gakikujwe n'abasirikare ba leta ya Syria.

Iyo mirwano yagizemwo uruhara umugwi witwa Jaish al-Islam ku ruhande rumwe, hamwe n'iyindi migwi ibiri y'abarwanyi.