Benshi bafatiwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza Putin

Abigaragamvya banka ko Prezida Putin asubira kwitoza mu mwaka uza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abigaragamvya banka ko Prezida Putin asubira kwitoza mu mwaka uza

Abantu benshi bafatiwe mu myiyerekano mu Burusiya yo kwiyamiriza gusubira kwitoza kw'umukuru w'igihugu, Vladimir Putin, mu mwaka uza.

Amakuru avuga ko abashika mirongo itatu bafatiwe mu muji wa St Petersburg, nayo abarenga mirongo itandatu bafatirwa mu muji wa Kemerovo uri mu bumanuko.

Abategura ibikorwa vy'abatavuga rumwe na leta babujijwe kwitabira iyo myiyerekano mu gihugu bose.

Iyo myiyerekano yateguwe n'urwego Open Russia, rwashinzwe n'uwahoze ari umugwizatunga mu gisata c'ibitoro, ubu ari mu buhungiro, Mikhail Khodorkovsky.