Abacunga inkengero muri Libya barwanye n'abasuma b'ibitoro

Ihinguriro ry'ibitoro muri Libya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ihinguriro ry'ibitoro muri Libya

Abajejwe umutekano w'inkengero z'ikiyaga muri Libya barasanye bimwe bikomeye n'abantu bakora ku mato vyibazwa ko yari mu gikorwa co kwiba ibitoro.

Ayo mato, bumwe bwanditswe muri Ukraine, ubundi nabwo bufise ibendera rya Kongo, bwabonywe hafi y'umuji wa Zuwara.

Umwe mu bagaba b'abacungera inkengero yavuze ko abari muri ayo mato bari bafise ibirwanisho bikomeye ngo kandi barwanye cane.

Ariko mu mpera bashoboye kwinjira muri ayo mato, abari bayarimwo barafatwa.