Abarwanyi bashigikiwe na Amerika bugarije Islamic State

Abarwanyi ba Syrian Democratic Forces bavuga ko bafashe izindi komine zitandatu i Tabqa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi ba Syrian Democratic Forces bavuga ko bafashe izindi komine zitandatu i Tabqa

Amakuru ava muri Syria avuga ko abarwanyi bafashwe mu mugongo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bihaye intambwe mu rugamba barimwo na IS i Tabqa.

Urunani rw'abarwanyi b'Abakurde n'Abarabu ruzwi nka Syrian Democratic Forces, ruvuga ko rwafashe izindi komine zitandatu.

Bafashwa n'abasirikare kabuhariwe ba Amerika hamwe n'indege z'ingwano z'urunani rurongowe na Amerika nyene.

Tabqa wari umuji uhambaye cane kuri Islamic State, ukaba kandi uri gusa ku birometero mirongo itanu uvuye ku kirindiro cayo gikuru muri Syria, kiri mu muji wa Raqqa.