Amashirahamwe yigenga asaba kwitaba amatora mu Bufaransa

Marine Le Pen na Emmanuel Macron nibo bahanganye mu ngunga ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Marine Le Pen na Emmanuel Macron nibo bahanganye mu ngunga ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa

Amashirahamwe arenga mirongo itandatu ategamiye leta mu Bufaransa yahamagariye abanyagihugu kutiyumanganya amatora yo kuwa Mungu uza.

Aya mashirahamwe avuga ko ikibi kitipfuzwa gishobora gushika mu gihe abantu batotora ari benshi.

Muri ayo mashirahamwe harimwo SOS Racism hamwe na Leauge des Droits de l'Homme.

Inguga ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa izoba hagati ya Marine Le Pen y'umugambwe Front National ugira ku vyiyumviro bikarishe bitorohereza abanyamahanga, n'uwigenga Emmanuel Macron afise ivyiyumviro biri hagati.

Mu rwandiko ayo mashirahamwe yasohoreye hamwe mu bitangazamakuru bisohoka kuwa Mungu vyo mu Bufaransa, atarinze kuvuga umukandida n'umwe, yahamagariye abantu kurwanira agaciro rusangi hamwe no kwiyamiriza abanka abandi.